East Africa NewsAkes DonEntertainmentMagic Soldier KingorongoromusicPassport

Zari yoba yagirije Diamond gukorera abana biwe, ivyo se yamukoreye

Mu gihe bizwi ko Diamond na se badahuza kubera ko uwo muvyeyi wiwe atigeze amwitaho mu buto bwiwe, uwo muririmvyi nawe ngo yoba ariko abisubiriramwo abana biwe.

Diamond Platnumz ngo yoba ariko arasubiramwo ivyo umuvyeyi wiwe yamukoreye akiri muto, nawe akabikorera abana biwe. Ivyo n’ibishikirizwa n’ikinyamakuru Dizzim Online co mu gihugu ca Tanzania.

Ico kinyamakuru kikabishikiriza cisunze ko uwo muririmvyi ngo atagiheruka kuboneka ashira ku rubuga rwiwe rwa Facebokk canke Instagram abana biwe, ivyari bikunze kuboneka cane mu misi iheze.

S’ico gusa ico kinyamakuru kibandanya kivuga ko uwo muririmvyi atanaheruka mu gihugu ca Africa y’epfo aho abo bana biwe basanzwe baba muri kino gihe, barikumwe na nyina wabo, Zari. Ivyo yari yategetswe n’ubutungane bwa Tanzania.

Ico kinyamakuru kikavuga kandi ko abo bana basa n’abumvikana cane n’umukunzi mushasha wa nyina, mu gihe badaherutse kubona se.

Ivyo bikaba bishikirijwe mu gihe Diamond ari mu bihe vyiza n’umukunzi wiwe mushasha, Tanasha Dona, umwigeme binavurwa ko muri ino misi anamufitiye inda.

Ico kinyamakuru kikaba cabishikirije kubera umuvyeyi w’abo bana Zarinah Hassan, kuri uyu musi yashize amajambo akomeye ku rubuga rwiwe rwa Instagram , aho atatomoye, ariko vyaboneka ko asa n’uwuvuga uwo mukunzi wiwe wa kera.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 350