East Africa NewsAyagezwehohomepageIKIRUNDI_news

Zuhura Yunus wa BBC yahawe ikibanza gikomeye mu biro vy’umukuru w’igihugu ca Tanzania

Umwe mu bamenyeshamakuru bari bakomeye kuri BBC mu gisata c’igiswahiri Zuhura Yunus aheruka guhabwa gutwara igisata co gutanga amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu ca Tanzania, ibikorwa akaba yabitanguye kuri uyu wa 30 nzero 2022.

Itangazo ryatangaje iryo genwa ry’uwo mutware rikaba ryashizwe ahabona kuri uyu wa 1 ruhuhuma, mu gihe igenekerezo rya 14 nzero mu makuru yari asanzwe ashikiriza isaha zitatu z’ijoro ariho yamenyesha ko asezeye kuri iyo mboneshakure yarakoreye kuva mu mwaka wa 2008.

Zuhura muri ako kazi akaba yari amaze gukorana ibiganiro n’abategetsi batari bake batwaye canke batwara ibihugu bitandukanye haba muri Africa co kimwe no kw’isi.

Zuhura akaba yakoze ku nsamirizi zitari nke muri Tanzania, ariko kandi akaba ariwe mugore wa mbere yavuze amakuru kuri iyo mboneshakure mpuzamakuru y’abongereza. Zuhura akaba yize amashure yiwe ya kaminuza kuri kaminuza ya Leicester mu bwongereza, anaharonka urupapuro rwa Master noneho aranaronswa ubwenegihugu bw’ubwongereza.

Mwomenya ko kuri iyo mboneshakure hariho uwundi mumenyeshamakuru akunzwe cane ariwe Salim Kikeke ari nawe bahora bafashanya mu kumenyesha amakuru kuri iyo mboneshakure.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 688