BurundihomepagekirundiPolitique

2020-2021: Imwe mu migambi Reta y’Uburundi igiye kwihutira kurangura

Reta y’Uburundi ngo mu migambi igiye kurangura harimwo gushira mu ngiro imanza cane cane iz’abagize uruhara mu kwonona ubutunzi bwa Reta hamwe n’umugambi wo guhimiriza abarundi bahunze ngo batahuke.

Biri mu migambi mikurumikuru Reta izoshira mu ngiro mu mwaka w’2020 ushira uw’2021, umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni yashikirije kuri uyu wa kane, igenekerezo rya 29 Gitugutu 2020 imbere y’inama nshingamateka na nkenguzamateka.

Alain Guillaume Bunyoni yamenyesheje ko ico kijanye n’imanza kiraba ubushikiranganji bw’ubutungane nayo ico impunzi kiraba ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi hamwe n’umutekano.

Gelase Daniel Ndabirabe arongoye inama nshingamateka avuga ko abatowe n’abanyagihugu bazosubira gutumako umushikiranganji wa mbere ashikirize ingene iyo migambi yagiye mu ngiro inyuma y’amezi atandatu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764