BurundihomepageIKIRUNDI_newskirundi_Sports

Francine Niyonsaba mu nkino za Olympique i Tokyo yahowe akanyarigabo

Francine Niyonsaba I Tokyo mu buyapani aho yari mu nkino za Olympique ngo yararenganijwe, ivyo n’ibishikirizwa n’umumenyereza wiwe barikumwe, kandi yanakurikiranye ivyabaye.

Mu kiganiro na n’ikinyamakuru Akeza, uwo mumenyereza yavuze ko ikosa bavuga ko bamuhoye kugira bamukure mw’ihiganwa, ngo ntaryigeze riboneka mu masanamu bakoresha mu kuraba abakoze amakosa, kuko we ubwiwe yagiye kuyaraba.

Baragerageje kugira asubizwe mu kibanza ciwe, ariko ngo ntivyakunze kuko uwafashe iyo ngingo ngo yababwiye ko nubwo vyogenda gute adashobora kwisubirako. Ahubwo yabasavye ko bokwunguruza urubanza bakitwara kubo hejuru.

Ariko naho bababwira kwitwara ngo ntivyari gukunda, kuko umwanya ntarengwa kugira ube wahejeje kwitwara ngo waheze bakiriko barasabira Francine ngo aje kwirabira amakosa yagirizwa ko yakoze.

Ariko naho vyaruko, uwo mumenyereza avuga ko yagerageje guhumuriza Francine amwereka ko ahubwo yakoze igikorwa gikomeye kuko izo metero atazo yaramenyereye, ari naco camufashije kuba mu kibanza ca 5 mu metero 1000.

Mwokwibuka ko inyuma y’iryo higanwa ry’i Tokyo mu buyapani, mu mahiganwa yandi amaze kujamwo ata wuramukoreramwo, gushika atahukanye igikombe mu busuwisi muri Diamond League.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 845