footballhomepagekirundi

Kazoza ka Neymar muri PSG, ntikaboneka neza

Uno musi abafana ba Paris Saint Germain, ntibahuriza kuri kazoza k’umukinyi w’umunya Bresil akinira uwo mugwi ariwe Neymar Jr. bamwe bakaba babona ko yokinjura, abandi bakabona ko yohaguma.

Uwo mukinyi mukinyi ngo we ntaco arabwirwa ku bijanye n’ikinjura ryiwe muri uwo mugwi, kuko we Ari ibimuvuyeko, yipfuza kubandanya akinira uwo mugwi.

Ivyo ni mu gihe hariko havugwa ko uwo mugwi wa PSG, wipfuza kwubakira Kylian Mbappe umugwi ukomeye womufasha, gutahukana ibikombe, abandi bakinyi nka Neymar canke Lionel Messi, bikaba bivugwa ko bibaye ngombwa bonakinjura, bagasubirizwa.

Uwo mugwi ukaba gushika ubu hataramenyekana ko wipfuza kubagurisha, ariko bikaba ngo bitari kure gose, kuko habonetse uwutanga amafaranga meza, ngo batokwiyumvira 2 mu kumushira kw’isoko.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 864