homepage

Kizigenza wa kera w’umugwi LLBS4A Harerimana Rashid Leon yahagaritse Ibijanye n’ugukina umupira w’amaguru biturutse Ku ngwara y’umutima.

Kuri uyu wa kane waraye uheze igenekerezo rya 22 Ruhuhuma 2024 , niho umukinyi w’umupira w’amaguru Harerimana Rashid Leon yahisemwo kuhagarika gukina umupira w’amaguru inyuma y’uko yo gusanganywa n’ingwara y’umutima abaganga bagahitamwo kumuhanura guhagarika ibijanye n’umupira w’amaguru .

Iyo ngwara yatanguye kwibonekeza mu mwaka wa 2019 mugihe Uburundi bwari bwitabiriye inkino za CAN ubwa mbere mumateka yabwo, aho Rashid Leon yasivye iryo higanwa ku munota wanyuma bivanye n’uko ibipimo bituma umukinyi yemererwa kwitabira iryo higanwa vyerekanye y’uko uwo mukinyi arwaye ingwara y’umutima , igihugu gica gihitamwo kuza kumuvuriza I Dubai .

Uwo mukinyi yavuye I Dubai ibipimo vyerekana ko amagara yiwe yifashe neza abona kubandanya gukina umupira w’amaguru , ariko icatangaje abantu n’uko mu mwaka wa 2023 mugihe ihiganwa rya Primus League ryagomba ritangure , mu gisata kijejwe amagara y’abakinyi bakina muri Primus League muri FFB barasubiye kandi kumupima bamusanganya iyo ngwara y’umutima niho guca bahitamwo kumubwira ko yohagarika gukina umupira w’amaguru kandi yihenze akabandanya ashobora guhasiga ubuzima .


Rashid Leo kuri Page yiwe ya Facebook akaba yanditse ati’’Thank you Football and good bye 😭😭😭😭

Narikwifuza kandi kugaruka gukina umupira w’amaguru(Football)
Bivanye n’ibipimo vy’umutima nagize mumisi mike iheze,inyishu zari zimeze neza alhamdulillah.
Maze kwicarana nabavyeyi banje, n’umuryango wanje, nahisemwo kur uyumusi mpagarike gukina umupira w’amaguru.
Uyumwanzuro mfashe wambabaje ariko sinicuze mu myaka 14 (14ans)nkina uwomupira wamaguru(Football professionnel ) naronse ikintu icarico cose kandi nongera ndanyurwa.
-Ndashimiye IMANA yabanye nanje muri Myaka 14 yose (14ans)
-nshimiye imigwi itandukanye naciyemwo:
#17sports
#Maniema
#Havanafc
#Unionsporting
#LLB
#Askigali
#kayanza utd
#Vitalofc
#Bumamurufc
Intambamurugamba🇧🇮🇧🇮
-nshimiye abayobozi bose bama equipe naciyemwo
-nshimiye abayobozi ba F.F.B
-nshimiye abakinyi bose twahora dukinana
-nshimiye abamenyereza bose na staff yabo
-nshimiye staff medical
-nshimiye abafana banje n abafana bose bumupira wamaguru.”

Mwomenyako Hererimana Rashid Leon ari umwe mu bakinyi b’Intamba mu rugamba bakinye Ihiganwa ry’abakinyi b’imigwi nserukira gihugu bakina iwabo (CHAN ) y’umwaka wa 2014 .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 668