homepageSanté

Makamba: Uburyo butangwa kubijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza bwoba bugiye guhurumbirwa

Bamwe mu banyagihugu bo muri Komine e Makamba batahora bijukira ubyo butangwa kubijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza bavugako bagiye gusubira kubwijukira. Naho biruko, bavugako hari ubyo bugira ingaruka mbi kubakenyezi bamwe bamwe ivyatuma hari n’abahakwa kwahukana n’abo bubakanye.

Abo banyagihugu bo muri komine Makamba bemeza ko hari abagizweko ingarukambi n’ikoreshwa ry’ubyo butangwa kubijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza, basaba ko abagizweko ingaruka n’ubwo buryo bovugwa kubuntu nkuko n’ubwo buryo babuhabwa kubuntu.

Abaserukira ubushikiranganji bw’amagara y’abantu hamwe n’abakora murico gisata gikora ivyirondoka rijanye n’amagara meza barahumuruza abafise izo ngorane .
Bavugako uwo bishitse uburyo bumwe bukamumererera nabi baheza bakamuhindurira agakoresha ubuhuje n’umubiri wiwe .

Bamwe mubagabo bahora bidoga kubera abakenyezi babo batahuje n’uberyo ubu canke ubundi mbere n’abakenyezi bari baravuye kurubwo buryo bakaba bahavuye biyemeza kubusubirako bamaze gusigurirwa .

Babivuze mu gihe ubushikiranganji bw’amagara y’abantu buriko bugira isekeza mu ntara ya makamba ku vyerekeye irondoka rijanye n’amagara meza hamwe no gufungura neza. Isekeza rizomara imisi 4 ryatanguye kuruyu wambere igenekerezo rya 18 ruhuhuma rikazorangira ejo kuwa 22 muburere bw’ubuvuzi bwa Nyanza-lac na makamba.

 

Inkuru yanditswe na Serge Sindayigaya

What's your reaction?

Related Posts

1 of 669