homepage

Mow Kenzie impeta yambitswe izanye impari

Kaneza Monna azwi kw’izina rya Mow Kenzie yatanguye ari icamamare k’umbuga ngurukana bumenyi nk’umukobwa mwiza azi kwamamaza ibidandazwa bitandukanye munyuma yaho yahavuye aba n’umuririmvyikazi bimuha kwamamara cane
mubiganiro yagiye aratanga hirya nino kubinyamakuru bitandukanye kuvyerekeye urukundo nimba yoba afise umukunzi ntiyashima kubitangira umuco ariko Ubu yabonetse yambitswe impeta ivyonivyo vyatangaje benshi.

Hari ku munsi w’Imana igenekerezo rya 25 Ruhuhuma 2024 aho hatanguye guhanwa hanwa amasanamu afise ishurwe n’ireresi ariko arambikwa impeta k’umbuga ngurukana bumenyi

Bamwe bagize bati yoba ari indirimbo agomba asohore abandi ngo ntiyokwemera k’urongorwa yishakira ifaranga
abandi bakihanganisha Drama T ng’umunyamafanga aramumutwaye amajambo yabaye menshi umumwe akabishikiriza uko avyumva

Nubwo bikiruko amakuru dukura kubegereye uwo muririmvyikazi Mow Kenzie aremeza neza yuko ari ukuri iyompeta uwayimwambitse aramaze nokumukwa vuba turashobora nokubona ubugeni bwiwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 668