homepagekirundisociete

Imiryango 3000 ifise amikoro make nayo igiye kuzohimbaza noheli mu kanyamuneza

Mu ntumbero yo kubafasha guhimbaza neza imisi mikuru irangiza umwaka, umukuru w’igihugu c’Uburundi Pierre Nkurunziza yashikirije imfashanyo imwe mu miryango ifise amikoro make.

Kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 24 Kigarama umwaka w’2019, imiryango ifise amikoro make igera ku bihumbi bitatu yagarukiweko n’umukuru w’igihugu c’Uburundi mu kuyironsa ibifungurwa bizoyifasha guhimbaza mu kanyamuneza imisi mikuru ya noheri n’ubunane iheza uwu mwaka.

Itoni zigera kuri mirongo itatu z’umuceri akaba arizo zafashishijwe iyo miryango yo mu makomine agera kuri ane yo mu ntara ya Gitega ariyo komine Gitega, komine Bukirasazi, komine Makebuko hamwe na komine Itaba.

Buramatari w’intara ya Gitega, Venant Manirambona ari kumwe n’abarongoye ayo makomine hamwe n’abajejwe intwaro ku mitumba nibo bafashije mu gikorwa co guhereza iyo miryango iyo mfashanyo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756