BurundihomepagekirundiPolitiquesecuritysociete

Inyuma yo ku Winterekwa na Nyabagere, Buterere nayo yashikiriwe

Imvura nyinshi yaraye iguye mu gisagara ca Bujumbura yateye imyuzure myinshi mu karere ka Buterere aho hononekaye ibintu bitari bike, bikanavugwa ko hari abariko barava muri iyo karitiye.

Muri iyo karitiye ahantu hasinzikaye gose kurusha ahandi ni kw’ibarabara ry’indwi ukijabuka Kinyangonge.

Amasanamu yazindutse acanacanako ku mbuga ntangazamakuru canecane WhatsApp yerekana abantu bariko baragerageza gukiza ivyabo, abandi bariko barava ahari imyuzure barondera ahogendeka boba barikinze.

Ntibiramenyekana niba hari abantu boba bahasize ubuzima.

Twobamenyesha ko akarere k’ubuseruko bwa Afrika muri kino gihe kariko karabonekamwo imvura idasanzwe ku buryo imaze kwonona ibintu vyinshi igahitana n’ubuzima bw’abantu, aha twovuga nko muri Kenya, Uganda, Tanzaniya hamwe n’Urwanda.

Abahinga mu vy’ikirere bakavuga ko impamvu ishobora kuba ari ihindagurika ry’ibihe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765