homepagekirundiWorld News

Hamenyekanye ibihugu barya imyama cane n’umugwi w’abazibangamira

Mu myaka 50 iheze, ibiro vy’inyama ziribwa vyaragwiriye cane, kubera abantu bagwiriye kw’isi, ariko cane cane bikava ko abarya inyama cane ngo ari abatunzi, kuko abakene bakizirya gake gashoboka, na rirya babandanya baba benshi gusumba.

Mu myaka 50 iheze, ibiro vy’inyama ziribwa vyarongerekanye bikomeye. Ubu ivyo biro bikaba vyigwije incuro 5.

Amakuru dukesha BBC Afrique avuga ko mu myaka ya 1960 haribwa amatoni imiliyoni 70 ku mwaka, ariko ubu hakaba haribwa itoni zirenga imiliyoni 330 ku mwaka.

Zimwe mumvo zibitera ngo nuko abantu bagwiriye, mu myaka y’1960 abantu bangana n’imiliyaridi 3, ariko ubu tukaba tugeze ku miliyaridi 7,6.

Naho biruko ngo iyo siyo mvo yonyene kuko bavuga ko ubutunzi nabwo ari kimwe muvyatumye inyama ziribwa cane kw’isi.

Aho bakavuga ko abatunzi barya inyama myinshi cane, ariko abakene bo bakaba bakiri mu bazirya gake gashoboka. Kuko mu bihugu bitunze ariho hari igitigiri kinini c’abarya inyama gusumba mu bihugu bikenye.

Ivyo bikaba biruko mu gihe ubushakashatsi bwerekana ko mu myaka 50 iheze, abantu babandanije batunga gusumba mu myaka 50 yari imbere yayo.

Ibihugu bimwe bimwe mu bitunze nka Amerika na Australia mu mwaka wa 2013, vyari biri mu kibanza ca 1 mu barya inyama nyinshi buri mwaka.

Nayo ibihugu nka Argentine na New Zealand bakaba barya ibiro bingana 100 ku muntu buri mwaka, ivyo bikaba bingana n’igice c’inka, canke inkoko 50.

Ku mugabane wa buraya naho hakaba ahatari hake haribwa ibiro vy’imyaka biri hagati ya 80 na 90 ku mwaka ku muntu.

Dukubitiye mu bihugu bikenye, birimwo ibiri ku mugabane wa Africa, ibiharuro vyerekana ko haribwa inyama nke cane. Ikiza kwisonga ni Nigeria barya ibiro 9 ku muntu buri mwaka, Urwanda rukaza mu kibanza ca 2 n’ibiro 8, nayo Ethiopia ikaza mu kibanza ca 3 n’ibiro 7 ku muntu buri mwaka.

Abashashatsi ariko bakaba bavuga ko hari ibindi bihugu birya inyama cane, ivyo navyo bikaba ari ibihugu bifise ubutunzi bugereranye ariko biriko vyihuta mw’iterambere. Aho ni nk’ibihugu nka Bresil n’ubushinwa.

Ariko hari n’ibindi bihugu ngo bitigeze birya inyama cane naho bagiye batunga cane, aho nka India bo bagumye ku rugezo rusanzwe rw’ibiro 4 vy’inyama ku muntu ku mwaka. Igipimo kiri hasi cane kw’isi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755