Burundihomepagekirundipersonal developmentUrwevuyouth

#Urwevu| Ukwinjira mu mwaka utaratunganya ngo ni nk’ukwinjira mw’ishamba!

isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Nk’uko rero abahinga babivuga, na cane cane uwitwa Jim Rhom mu gitabo yanditse ” 7 STRATEGIES FOR WEALTH AND HAPPINESS” ukwinjira mu mwaka utarawutunganya ngo ni nk’ukwinjira mu kibira.

Ugasanga rero utanguye uwu mwaka utazi uko uzohera umeze, uzoza ubona nyene umwaka uheze utazi uko uheze! Ukaza wumva abantu ngo , aka kanya umwaka urarangiye! ivyo bikaba kubera ko utaba warakurikiranye uko uriko urahera na narirya ataco uba warategakanije kuzowukoresha

Kuba uzi ivyo utegekanya kuwukoramwo

Ubu tumaze kurangiza imisi ibiri gusa,  uwu mwaka wa 2020 , uyu musi ukaba ari uwa gatatu. Mbega warategekanije ico uzoba washitseko muri uwu mwaka? Mu kwezi kwa 12 k’uwu mwaka uzoba ufise amahera angahe kuri Compte?, uzoba wambara gute? uzoba wagabanije ibiro bingahe? ( ku bavyibushe).

Tegekanya uko ushaka kuba uri , kw’igenekerezo rya 01/01/2021, maze iyo sanamu niyamara kunyengetera muri ka gatimatima ko mu bwonko subconscient ikakemera uzoheza usange uriko urerurwa nk’umwami ugana kugushikanwa uko wabitegetse.

Kuzomenya ivyo wawuranguyemwo kugira bigufashe gutunganya uwundi

Nimba uri umunwi w’inzoga mbega uzoba ushobora kumenya amacupa wanyoye muri uwu mwaka kugira bizogufashe mu mwaka uza mu kiringo wofata umugambi w’ukugabanya, uzobe uzi ico ukoze.  None wobuzwa n’iki gutora aga kaye ukaza urandikamwo maze gutyo bizogufashe.

Mbega uzoba uzi amafaranga uzoba warakoresheje n’uko uzoba warayakoresheje n’ukuntu uzoba warayakoresheje? None ubuzwa n’igi gutangura uwu musi ukaza uravyandika,kugira umwaka uzohere uzi uko wigenjeje mu kigega maze bize bigufashe kutegekanya neza umusi ukurikira maze mu gutwara ukuboko mu mufuko woye kuza urihuta?

Gufata ubuzima bwawe mu minwe.

Aha kuri ino si hari benshi tuhabaye nka kurya k’uwutwawe n’uruzi. Turareka ubuzima bukatugenza uko bushaka ah’ukubafata mu minwe. Ukwama rero uzi kandi ukazirikana ibiriko birakubako( self-awareness) biragufasha kwumva ko ufashe mu minwe ubuzima bwawe maze bikaguha kwongereza inguvu ukwiyubaha n’ukwiyumva ko ushoboye.

Wibuke, ni wewe Capitaine w’ubuzima bwawe kandi atakintu kizohinduka mu bikugize utabanje guhinduka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765