BurundihomepageJusticekirundisociete

Umurwi CVR usaba abakozweko n’ivyabaye muri kahise kwihangana mukurindira ukuri

Kuri uyu wa mbere waraye uheze igenekerezo rya 13 Nzero 2020, umugwi w’igihugu ujejwe kuvugana ukuri no kunywanisha abarundi CVR watoye ibisigarira vy’abantu bagera kuri 250 mu kibanza c’ahahoze isoko ya Kamenge.

Kugira bamenye aho abo bantu bahambwe bariwe akara n’abantu bashaka kwubaka inzu muri ico kibanza. Reverand Noé Nziza, icegera c’umukuru wa CVR, avuga ko hari abo amagufa yaheze ariko ngo babonera ku mpuzu canke ibirato bari bambaye canke ivyo bakoresheje mu kubica, yaba imigozi bababohesheje kubera isi yaho mu kamenge « irya amagufa ningoga ».

Nziza akamenyesha ko mu makuru bafise hari abafashwe bagatabwa muri ico kibanza canke ngo abahambwe ngaho kubera abanyakamenge batashobora kuja guhamba mu matongo y’abapfuye.
Kubijanye no kumenya iryo yicwa ryabo bantu canke uko vyagenze, Révérend Nziza asaba abantu kwihangana kuko ngo vyabaye mu bihe bitandukanye, akavuga ko bagisigaranye imyaka itatu yogukora.

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 14 Nzero 2020, bikaba bitegekanijwe ko CVR izoshikiriza icegeranyo cayo ca 2019 imbere y’inama nshingamateka na nkenguzamateka zikoranye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765