africa newshomepagekirundisecuritysociete

Urugomero rwubatswe kuri fleuve Nil rurateje umudugararo

Ibindi biganiro vyo gutorera umuti ikibazo kiri hagati ya Etiyopiya na Misiri gishingiye kuri kazoza k’umugambi w’urugomero rw’umuyagankuba ruri ku ruzi Nili biri mu gusubira kuba i Washington.

Mu mwaka uheze, italiki ntarengwa yari yafashwe kugira iki kibazo kimaze igihe gitoregwe umuti, ariko ibiganiro biheruka mu ndwi iheze ntaco vyashitseko.

Nirwahera kwubakwa, urugomero bise Grand Rennaissance ruriko rwubakwa na Ethiopia ruzoba ari rwo rugomerero runini ruri ku mugabane wa Afrika.

watanguye kwubakwa mu mwaka w’i 2011, mu gice citwa Nile Bleu, mu misozi ya Ethiopia ahasanzwe hisuka ibice 85% vy’amazi ya Nili.

Ariko vyatumye haduka ukutumvikana hagati ya Misiri na Ethiopia, binatera n’ikibazo igihugu ca Sudan, kandi benshi bibaza ko bishobora gutera ingwano hagati y’ivyo bihugu, ubu Leta Zunze Ubumwe za Amerika zikaba ziriko zirafasha mu guhuza izo mpande.

Kubera iki uru rugomero ruteye ukutumvikana?

Ingomero z’umuyagankuba ntizinywa amazi, ariko umuvuduko Ethiopia izoyuzuza mu bubiko bw’urwo rugomero bizogira ingakura ku kuntu yari asanzwe yisuka.

Uko bitwara umwanya munini mu kuyuzuza mu bubiko, mugihe buzoba busumba ikisagara ca Londres, bungana na metero Cube miliyaridi 74, niko bizogira ingaruka nkeyi ku rugero rw’amazi mu ruzi.

Igihugu ca Ethioppia gikeneye kwubaka uru rugomero mu myaka itandatu

”Dufise umugambi wo gutangura gushira amazi mu bubiko mu gatasi kaza, kandi tuzotangura gutanga umuyagankuba dukoresheje ingomero ntoyi 2 mu kwezi kwa 12 mu 2020”, niko umushikiranganji ajejwe amazi wa Ethiopia Seleshi Bekele yavuze mu mwaka uheze.

Ariko Misiri yashimye ko ico gihe coba kirekire kugira uruzi rwa Nili ntirugabanuke cane, na canecane mu ntango bariko buzuza mu bubiko bw’ingomero ayo mazi.

Ibiganiro hati y’ivyo bihugu 3: Misiri, Ethiopia na Sudani, bijanye n’ibikorwa vy’urwo rugomero hamwe n’ingene rwuzuzwa amazi ntivyigeze bitera intambwe muri iyi myaka 4 iheze, ubu naho Leta Zunze Ubumwe za Amerika ziriko zigerageza guhuza izo mpande zose.

Inyuma y’ibiganiro vyabaye mu ndwi iheze, umushikiranganji Seleshi yagirije Misiri ko idafise ugushaka kwo gushika ku masezerano.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756