BurundiEconomyhomepagekirundi

Abantu 17 barapfunzwe kubera urudandazwa rw’amahera rutemewe n’amategeko

Abantu 17 bo mw’ishirahamwe Crowd1 ricuruza amafaranga ku buhinga ngurukanabumenyi bari mu minwe y’igipolisi bagirizwa gukora inama y’ishirahamwe ritazwi n’amategeko.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano yabwiye Radio Isanganiro ko abo barobowe mu bandi barenga 300 bari bafashwe bari muri iyo nama ejo ku wa kabiri ku mugoroba.

Pierre Nkurikiye avugira ubwo bushikiranganji avuga y’uko abo bantu bafashwe n’igipolisi bari mu nama muri zone Rohero mu gisagara ca Bujumbura.

Avuga ko abari mu minwe y’igipolisi ari abariko bakorwako amatohoza kubijanye n’uko ishirahamwe Crowd1 ryoba rifise intumbero yo kwiba abanyagihugu.

Haciye amezi make ibanki nkuru y’igihugu, BRB, igabishije abarundi kwirinda urudandazwa rw’amafaranga rukorwa biciye mu mihora ngurukanabumenyi bita ‘monnaies virtuelles’ canke crypto-monnaies.

Mw’itangazo yasohoye mu kw’umunani umwaka uheze, BRB yavuze ko urudandazwa rw’amafaranga yo kuri iyo mihora nka Bitcoin, Ether, Litecoin, Onecoin, Fahari Cash Coin, Ello Cash Coin rutemewe.

Jean Ciza, umukuru w’iyo banki, yavuze ko ayo mafaranga akoreshwa mu buryo butagira amategeko bwisunga ahantu na hamwe kw’isi, kuko ngo nta banki n’imwe y’igihugu kw’isi yose irayemera.

Ati: “Ivyo bituma ibikorwa muri ayo mafaranga bisa n’ivyo ubusuma…”

Abatari bake muri iki gihe barinjira mu rudandazwa rw’amafaranga mu buryo butandukanye leta z’ibihugu zimwe zivuga ko rutemewe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 766