africa newsEast Africa NewsEntertainmenthomepagekirundi

Wema Sepetu yavuze ko atigeze asaba amafaranga abagabo bagendana

Wema Sepetu ararahira akarengwa ko atigeze akurikira amatungo y’abagabo, aho yaba yagendanye nabo. Ivyo akaba yabishikirije ku rubuga rwiwe rwa Instagram.

Uwo mukinyi w’amareresi akomeye, yavuze ko abona muri ino misi abantu batari bake bavuga ko we akurikira abagabo kubera ubutunzi bwabo.

Muri ubwo butumwa nyene akaba yabandanije avuga ko atazigera kandi ko atanigeze yisunga umugabo mu kubaho(Depend on a man).

Uwo mukunzi wa kera wa Diamond yanasavye abo babivuga kubaza abo bagabo bavuga ko bakurikirwa kubera amafaranga, nimba hari na rimwe yoba yarabasavye amafaranga. Ariko akemeza ko ngo batanga ikivuye ku mutima.

Bamwe mu bakomeye bamenyekanye bagendanye n’uwo mwigeme gushika ubu atawuramushira mu nzu, ni nka Diamond Platnumz binavurwa ko yigishije ibitari mu nyifato n’uburyo bwo kuganira akiri muto ataranamenyekana.

S’uwo gusa kuko uwundi musore avurwa ni Idriss Sultan asanzwe atwenza muri ico gihugu, ariko we bikaba bivurwa ko vyamaze igihe urume rumara.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769