africa newsEast Africa NewsEntertainmenthomepagekirundi

Na Nyina wa Wema Sepetu ntaronka ico avuga ku kwonda kwa kwiwe

Ukwonda gukomeye kwa Wema Sepetu kuriko kuvugwa ugutandukanye, na mama wiwe ngo ntashaka kugira vyinshi akuvugako. Ivyo nivyo aheruka gushikiriza mu kiyago yagiranye na kimwe mu binyamakuru bikomeye vyo muri Tanzania.

Uwo muvyeyi Mariam Sepetu ngo yishuye umumenyeshamakuru wa Global Publisher ko bitagikenewe ko agira ico avuze kuvy’umukobwa wiwe, kuko akuze, amaze kugira ubuzima bwiwe nawe akaba afise rwiwe.

Nkuko ayo makuru dukesha Global Publisher abandanya abishikiriza, ngo hari abavuga ko ukugabanuka kwa Wema sepetu kwoba gufatanye n’uburwayi yoba afise, ariko kandi hari n’abavuga ko ngo yoba yagabanije ubuvyibuhe afise akoresheje imiti.

Ayo makuru kandi akabandanya avuga ko Wema Sepetu ngo aryoherewe cane uburyo angana muri kino gihe, kuko ngo bimutuma aca yumva aremurutse. Ivyo ngo vyumviswe n’umwe mu basanzwe bakurikiranira hafi ivy’uwo mukinyi w’amareresi.

Ariko naho biruko, bikaba binavurwa ko yoba yipfuje kugabanuka cane kugira abashe kugerageza kuronka umwana, kuko abaganga mu buhindi ngo bamubwiye ko ukuvyibuha cane nakwo kuri mu bimutera kutavyara

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769