homepagekirundiWorld News

Ugusubizwa ubusugi ku babutakaje ngo bigiye gukurwaho mu Bwongereza

Abakenyezi bo mw’idini rya Islam mu Bwongereza ngo bafise impungenge nyinshi inyuma yaho hamenyesherejwe ko hashobora gukurwaho uburyo bari bafise bwo kuja kwibagisha ku batakaje ubusugi bakabusubizwa.

Ayo makuru dukesha BBC avuga ko abagore batari bake bari mw’idini rya isilamu bahora bibagisha buri gihe ngo bikunde ibihano n’ibibazo bahura navyo mu gihe bagize ubugeni bagasanga baratakaje ubusugi.

Bamwe mu baganiriye na BBC bakaba bavuga ko hari n’abahunga imiryango yabo kuko iba yabamenyesheje ko ishobora kubicisha kubera ko bataye ibanga, nayo abandi bo bakaba batinya ikibano kiba kitaboroheye.

Ayo makuru akaba avuga ko umugore umwe yariha amafaranga angana n’3000 vy’amafaranga y’ubwongereza ngo bikunde bamubage, bamusubize ubusugi, igikorwa kiba kigamije gusubizako ince ku mwigeme yazitakaje. Aho ni mu gihe ico gikorwa kitanafata umwanya ungana n’isaha.

Bamwe mu bavyeyi babikoze bakaba bavuga ko batazopfa bahanuye abana babo gukora ico gikorwa kuko ari igikorwa kidafise akamaro na kamwe nkuko uwaganiriye na BBC yabishikirije.

Mwomenya ko ivyo bikorwa vyo gusubizwa ubusugi bijana n’igikorwa co kugabanisha ibihimba vy’irondoka ku bafise binini. Ico naco kikaba kitabonwa kumwe na bose kuko bamwe babona ko bizotuma bamwe batabasha kuryohererwa ivy’umubiri wabo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755