East Africa NewsEntertainmentkirundimusic

DJ Marnaud yari yatawe muri yompi, arekurwa mu gitondo

Ifungwa rya Arnaud Mugisha azwi nka Dj Marnaud ryateje uruhagarara Ku mbuga ngurukanabumenyi mu gihugu kibanyi c’Urwanda.

Nkuko amakuru dukesha ibinyamakuru mu gihugu kibanyi c’Urwanda, ngo uwo mu DJ akaba n’umuririmvyi yafatiwe mu kabare kitwa Pilipili aho yari yagiye gucurarangira umuziki.

Ayo makuru abandanya avuga ko uwo DJ bamutwaye n’ibikoresho vyose yari afise, mw’ijoro nk’isaha icenda, ariko aza kurekugwa kuri uyu wa 4.

Uwo mu DJ akaba yashigikiwe n’abatari bake mu bakomeye mu bamenyeshamakuru bo mu gisata c’aabaririmvyi co kimwe n’abaririmvyi ubwabo. Aho bari babajwe nuko yafunzwe ariko uwamuhaye akazi we ntakomakomwe.

Uyo akaba yaheruka hano mu gihugu iwacu aho yari yaje guha mw’isabukuru y’umwe muba DJ bakomeye Hank iwacu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 556