homepagekirundiWorld News

Coronavirus ngo yazananye mu buhungarema

Abarenga 811 nibo bamaze kwicwa na ca kiza catera mu gihugu c’Ubushingwa citwa CoronaVirus, abo bakaba bangana n’ibice 2 kw’100 vy’abarenga ibihumbi 37 198 bamaze kumenyekana ko bafashwe n’iyo ngwara kw’isi, mu kiringo c’ukwezi kumwe gusa hamenyekanye ko cateye.

Ico kiza kikaba giheruka guhitana umuganga wo mu gace ka Wuhan catanguriyemwo, uwo akaba ari nawe yatanguye gukoma akaruru ko hari ikiza c’ingwara cateye. Nkuko bishikirizwa n’itororokanirizo ry’amakuru AFP, igipolisi cabanje kumufata nkaho ariko arakwirakwiza ibihuha, ariko ubu ngo afatwa nk’intwari muri ico gihugu kigeramiwe n’iyo ngwara.

Ico gihugu c’ubushinwa kikaba Atari irya mbere gitewe n’ingwara z’ibiza nkizo kuko mu mwaka wa 2002 na 2003 catewe n’ingwara yiswe SRAS, ikaba yo yahitanye bake ugereranije nabo Coronavirus imaze gutwara gushika Ubu.

Amakuru tubandanya dukesha iryo tororokanirizo ry’amakuru AFP avuga ko bimaze kumenyekana ko iyo ngwara yazananye mu duhungarema, ariko ikaza gushika mu bantu biciye ku gikoko kizwi mu rurimi rw’ikinyamazuru nka Pangolin. Ubu ico kiza kikaba kimaze gusa n’igikwira hafi kw’isi hose, kuko mu bihugu vya buraya, muri amerika co kimwe no muri Afrika hamaze kwumvikana abafashwe n’ico kiza.

Ico kiza kikaba kitasigaje inyuma ubutunzi canke ubwigenge bw’abenegihugu kuko mu bisagara nka Shanghai co kimwe na Hong Kong, bimwe mu bisagara bikomeye mu bushinwa, ubu hamaze gushigwaho itegeko ko uwuzananye hagati mu bushinwa ategerezwa kubanza kumara indwi 2 yugaranywe, haba mu nzu iwe canke mu cumba c’I hoteli aba yashikiyemwo. S’ico gusa kuko ubu hamaze gushirwaho amategeko ko buri muntu asohotse ategerezwa kugenda yambaye akantu gafuka ku munwa.

Uwanse gukurikiza iryo tegeko, itororokanirizo ry’amakuru AFP rikaba rivuga ko ashobora guhanishwa umunyororo w’amezi atandatu. Nayo agace catanguriyemwo ico kiza hakaba hasabwe ko abatware bo hasi batangura kurondera ku nzu ku yindi umuntu yafashwe n’iyo ngwara.

Aho mukamenya ko kuva indwi zibiri ziheze igisagara ca Wuhan n’intara vyegeranye ya Hubei ata winjira kandi atawusohoka ngo bikunde ko ico kiza kitabandanya gikwirakwira hirya no hino. Aho ni mu gihe ibihugu bimwe bimwe vyo muri Afrika bifiseyo abanyeshure vyanse ko batahukanywa mu bihugu vyabo.

Ubushinwa bukaba gushika ubu buriko bukora ibishoboka vyose ngo haboneke urucanco rw’iyo ngwara, ariko bakaba batari bonyene kuko ibihugu nka Leta zunze ubumwe za amerika, Ubudagi, Singapour na Austraklie, co kimwe n’ikigo c’ubumwe bwa buraya kijejwe kugwanya ingwara zandukira bimaze kumenyesha ko biriko birakora ibishoboka ngo barondere urucanco rw’iyo ngwara.

Igihe urwo rucanco ruzobonekera kiracari ikibazo gikomeye kuko ata wuvuga rumwe n’uwundi, Bamwe bakaba babona ko mu mezi 20 urucanco rushobora kuba rwamaze kuboneka, mu gihe abandi bo baharura imyaka itari musi y’3 ngo bikunde hazobe habonetse urucanco. Aho naho nyene bikaba bica bifata ikindi gihe ngo abantu babone kugeragerezwako ivy’Urwo rucanco, nkuko amakuru dukesha urubuga rw’umuryango utabara imbabare Croix abishikiriza.

Uburyo buriko bushirwa mu kurondera urucanco rw’ico kiza n’ubutari buke kuko Fondation Gates yamenyesheje ko izoshiramwo imiliyoni 100 z’ama dollard ya amerika angana n’ imiliyaridi zirenga 282 z’amafaranga ya hano iwacu mu kurondera urucanco rw’iyo ngwara co kimwe n’ivyo bijana. Aho ni mu gihe amakuru dukesha uwo muryango utaba imbabari avuga ko mu mwaka wa 2018 ushira uwa 2019, umuryango mpuzamakungu OMS wari ufise uburyo bungana n’imiliyoni 800 z’amafaranga ya amerika zija mu kugwanya ingwara zandukira.

Mwomenya ko ibimenyetso biranga iyo ngwara biboneka mu masaha 24 waraye ufashwe, ibivurwa cane akaba ari nk’ubushuhe hamwe n’agakorora bidahera ariko kandi bidakaze cane. Nkuko amakuru ukesha ikinyamakuru RTL co mu bufaransa abivuga ngo bikaba bishobora gukomerera umuntu asanzwe afise izindi ngwara canke abantu b’abahumure, kuko ashobora kugira ibibazo vyo guhema neza co kimwe n’ibibazo vy’umutima. Abahinga bahanura abantu gukoresha imiswara itabwa bahejeje kuyikoresha, bakongera bagakaraba kenshi gashoboka, banasabwa kwikinga akantu iyo witsamura, co kimwe n’ukwirinda umuntu ubona ko ashobora kuba yaranduye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755