Burundihomepagekirundisociete

Umushikiranganji Barandagiye Pascal aragabisha ba musitanteri batazokurikiza amategeko

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Pascal Barandagiye, ahamagarira ba musitanteri b’amakomine kuba hafi kugira batange impapuro zisabwa n’abagiye kwitoza mu matora yimirije.

Umushikiranganji Barandagiye arihaniza ba musitanteri ko atawohirahira ngo abaze uwuje kurondera izo mpapuro icerekana ko yaterereye amatora. Ati : ” Guterera hari kugushaka”. Abasitanteri bategerezwa gusaba amahera ahuye n’igiciro cizo mpapuro gusa.

Aha umushikirangi aratanga zimwe mu mpapuro n’igiciro cazo ; urupapuro rw’amavuko rugurwa amahera 1000, urupapuro rwerekana ko umuntu adakurikiranwa n’ubutungane narwo nyene rugurwa 1000, urupapuro rwerekana aho umuntu aba n’amahera 500 n’urupapuro rwerekana ko umuntu yubatse canke atarubaka narwo nyene ko rugurwa amafaranga igihumbi.

Umushikiranganji Barandagiye avuga ati : “Uretse ko bategerezwa kworohereza abo bazikeneye, izo mpapuro zigurwa amafaranga n’uwuhe musitanteri adakeneye kwinjiza ayo mahera ?”

Aca abasaba kuba barazitegura hanyuma bakazokwuzuza izina ry’uwuje kuzirondera kugira ico gikorwa kibone kwihuta. Akagabisha ko umusitanteri azokwumva ariko yaka ibindi atazomwihanganira na gato.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765