East Africa NewsEntertainmentkirundimusic

Wema Sepetu yavuze ku kwonda afise bivurwa ko kuva ku mugera wa SIDA

 

Wema na Diamond ngo bakiri kumwe mu Rukundo ntibigenze baganira kuvyo kuzokurikirana kuri Instagram, Fellow. Nayo abavuga ko yagabanutse cane kugira ivyo anywa nk’imiti ngo sivyo na gato, kuko ameze neza atagwaye.

Mu kiyago yagiranye n’ibinyamakuru uwo mukinyi w’amareresi akomeye muri Tanzania yatanze umuco ku bintu vyinshi cane, birimwo nuko yoba asigaye ari muto cane. Kubwa Wema ngo uwo mubiri awukunda gusumba iyindi mibiri yose yigeze gutunga, ariko kandi ngo yanashaka uwo mubiri kugira bikunde abashe no gusama bitagiranye cane.

Wema yanabandanije avuga ko gushika ubu naho abantu batavyakira neza, ngo n’ibisanzwe kuko ibintu vyose bisaba kumenyera, ngo igihe kizogera bamenyere uwo mubiri wiwe nkuko bamumenyereye igitangura kuvyibuha, abantu bamubwira ko yamaze kuba munini cane.

Uwo akaba abivuze mu gihe hari hagize igihe hari impungenge nyinshi mu bakunzi b’uwo mukinyi aho bamusaba gufungura kuko ngo asigaye yonze cane, bamwe bo bakaba bamwagiriza ko yoba asigaye yaranduye umugera wa SIDA kubera uburyo angana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 556