East Africa NewsEntertainmentkirundimusic

Alikiba ngo ntiyinjiriza amafaranga ibinyamakuru nka Diamond

Igituma ALikiba adakunze kuvurwa canke kwandikwa cane mu binyamakuru ngo nuko we ubwiwe ataco atanga ngo bandike. Ivyo bikaba biheruka gushikirizwa n’umwe mu banyarusaku barembeje cane umurwi wa Wasafi ku muhora wa Instagram.

Mu kiganiro kuri imwe mu mboneshakure zo muri Tanzania, Carry yamenyesheje ko ukutandikako cane Alikiba atari ukumutinya, ahubwo ngo nuko we ubwiwe ataco atanga aha ibinyamakuru ngo bibashe kumuvuga.

Ico ategerezwa kubaha ngo s’amafaranga nkuko bamwe bovyibaza, ariko ngo n’ivyo bamuvugako. Uwo mwigeme akurikiranwa cane ku rubuga rwa Instagram, avuga ko Alikiba ubuzima bwiwe bunyegeje kandi atavuga cane.

Ukuvuga kw’umuririmvyi haba mu binyamakuru, ku mbuga ngurukanabumenyi co kimwe n’ahandi ngo ni bimwe mu bituma umuntu avurwa cane n’ibinyamakuru. Igituma ngo nuko buri gihe iyo biyumviriye kumwandikako bidasaba akanya kanini, ahubwo bo  ngo babona ico kumwandikako bitabagoye.

Uwo munyarusaku akaba yamenyesheje ko uko yorondera inkuru yandika kuri Diamond asanzwe avuga cane ku mihora ngurukanabumenyi, atariko yorondera iyo yokwandika kuri ALikiba, kuko we asa nkaho ataboneka kuri iyo mihora.

Kubwiwe kwandika kuri Diamond ngo Bizana amafaranga, ariko kwandika kuri Alikiba ngo nta mafaranga Bizana kandi n’abantu ntiboboneka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 556