homepagekirundiMiss EricaWorld News

Cristiano Ronaldo niwe ntandaro y’ikinjura rya Zidane muri Real Madrid

Naho bitari bwavurwe, ngo Cristiano yoba ariwe nkwezi y’amarere yukutumvikana kwa Zidane na Real Madrid ivyahavuye bivamwo ugukinjura muri uwo murwi.

Imvo n’imvano y’ikinjura rya Zinedine zidane muri real Madrid ngo yoba yari inyinyurana agate yiwe na Florentino Peres umukuru wa Real Madrid.Ivyo bikaba vyaturutse kw’igurishwa n’igurwa ry’abakinyi muri uwo murwi yarasanzwe amenyereza.

Uwo mumenyereza akomoka mu gihugu c’Ubufaransa ngo yoba yashaka kuguma umukinyi Cristiano muri uwo murwi noneho mu kibanza ciwe hakagurishwa umukinyi Gareth Bale, ariko bikaba bitagenze nkuko yari yabisavye kuko uburongozi bwa Real bwaciye bumugurisha.

Amakuru dukesha ibinyamakuru vyo ku mugabane wa buraya avuga ko uwo mumenyereza yoba yanashaka kugura abandi bakinyi baza basanga abo yarafise muri uwo murwi, ariko Perez we akaba yabibona ukundi.

Zidane ngo yoba yaramenyesheje ko ashaka kugira ijambo mw’igurwa n’igurishwa ry’abakinyi baza muri uwo murwi, kandi ubwo burongozi bubifata minenerwe, ariko guca afata ingingo yo gukinjura inyuma yigurishwa rya Cristiano Ronaldo ku murwi wa Juventus de Turin.

Uwahoze mu kibanza ca Florentino, Ramon calderon, akaba ariwe aheruka gushira hanze ayo mabanga aganira n’ikinyamakuru Bleacher Report c’abanyamerika. Akaba kubwiwe avuga ko Zidane yiyumviriye neza gukinjura.

Mwokwibuka ko umurwi wa Juventus usa n’uwuriko uraba ryiza abandi bakinyi bari muri urwo murwi nyene ngo bikunde baje gusanga Cristiano mu butariyano.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755