BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Uwabonye Papa wa sengazi atwenza ngo ntiyobona umuhungu wiwe

Mika sengazi ngo ntiyigeze yibaza ko atanguye gukina Comedie, ariko ngo buke buke yahavuye yisanga yamaze gutangura gukina. Ariko kandi akaba avuga ko iyo ngabire anayisangiye na se, naho we ngo atayicisha ifaranga, kuko umubonye, Mika utohava usubira kumwumviriza.

Uwo musore aheruka gutera iteka igihugu mu gutwara agashimwe k’umu Comedien mwiza yavyitwayemwo neza, gatangwa na RFI, akavuga ko yatanguriye uwo mwuga I Kigali. Ico gihe ngo n’uwamugomwe amukoresha mu kiyago n’abanditsi b’ibitabo, bita mu kinyamakuru Café Litteraire.

Kuva ico gihe ngo yahavuye aca aja muvy’ugukina ivyese, noneho kuko ico gihe ata n’incuti nyinshi yarafise, abona gufatana n’aba Comedian nka Arthur, n’abandi noneho babona gukora umurwi w’abatwenza I Kigali. Arthur ngo bafatanye hakiri kare, kuko yaheruka gukinana Icese, Theatre n’umuvyeyi wiwe.

Sengazi yabwiye kimwe mu binyamakuru I Kigali, ko se asanzwe nawe atwenza, ariko we ngo abikora adatwenga. Ikindi ngo asanzwe anabikora muhira gusa. Abamaze kumubona ngo baciye bacira agace uwo musore ngo ahagarike abirekere papa wiwe.

Senganzi akaba anaheruka kuyagira Tv5 Monde ko uwo muvyeyi nyene asanzwe atwenza ngo vyari bigoye kumubwira ko ashaka gukora uwo mwuga, ubona ko yaransanzwe yiga kamenuka mu gisata c’amategeko, Droit. Ariko ngo yahavuye ahabwa umwaka wose kugira yemeze abavyeyi ngo nabo bamukundire kubandanya ako kazi, ivyahavuye bikunda.

Senganzi akaba ari umurundi akaba kandi n’umunyarwanda, gutyo uwo musore akaba akorera vyoroshe muri ivyo bihugu 2, kandi akaba amaze kuhashinga ibikorwa bikomeye bijanye na Comedie.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775