footballhomepageIbiyovyabwengekirundi_SportsYvan muziki

Umukuru w’igihugu yaraye ashinze icese ishuri ryo gusiganwa n’imiduga

Nyenicubahiro Umuruku w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yaraye ashinze icese urukino rwo gusiganwa ku miduga .

Hari kuri uyu wa Gatandatu w’ igenekerezo rya 12 Nzero aho Umukuru w’igihugu c’Uburundi ari nawe yashinze ishure ryigisha inkino muri Academie Le Messager yatanguza icese urukino rwo gusigana n’imiduga muri iryo shure .

Ico gikorwa kikaba cabereye mu bigo vya Stade Urukundo iri mu ntara ya Ngozi nkuko vyanditswe n’inyamakuru cegukira ishure ry’umupira w’amaguru Academies le messager.

Ivyakozwe akaba ari ibi bikurikira:

  • kwerekana abagiye gukurikirana ivyigwa vyo gusigana n’imiduga .
  • Guha akaryo abo bagiye kwiga ko kwicara mu miduga yagenewe ico gikorwa be no kuyatsa .
  • Kwifatisha amashusho ( Photos) bahagaze impande n’iyo miduga.
  • Kwifatisha amashushyo ( Photos) barikumwe na nyene gushinga academie le Messager.

Ivyo biheze abo batanguye ivyigwa bagize umwimenyerezo w’umwanya muto wabereye mu mabarabara asanzwe aberako amahiganwa ari mu kiyaya ca vyegwa .

Hatungimana Athanase batazira cokoroko arongoye academie le Messager yabwiye abamenyeshamakuru ko batanguje urwo rukuno muri Messager mu ntumbero yo gufasha urwaruka ndetse ngo bizofasha kwinjiza amafaranga y’agaciro kuko urwo rukino rukundwa cane n’abarundi cokimwe n’abanyamahanga.

Mukamenya ko abagera kuri 20 aribo bagiye gukurikirana ivyo ivyigwa vyo gusiganwa n’imiduga.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 846