East Africa NewshomepagekirundiMagic Soldier Kingorongoroprimusic-burundisociete

#EAC| Hamenyekanye igihe inama y’abakuru b’ibihugu igira 20 izobera

Inama igira mirongo ibiri y’abakuru b’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko EAC igiye kuzokorana mu ndwi zibiri neza na neza igenekerezo rya 1 Ruhuhuma uwu mwaka turimwo.

Nk’uko biherutse gushikirizwa n’umunyabanga mukuru wa EAC abicishije mw’ikete inomero PLA 124/400/01 ryo kuwa 10 Nzero uwu mwaka, inama igira mirongo ibiri y’abakuru b’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko EAC igiye kuzokorana kuva kw’igenekerezo rya 1 Ruhuhuma uwu mwaka turimwo.

Umuvugizi w’umukuru w’igihugu Jean Claude Karerwa-Ndenzako yamenyesheje ko Reta y’Uburundi izoserukirwa ubu kubera yarose umwanya wo kwitegura. Yaboneyeho kandi kumenyesha ko kazoba akaryo keza ko gubira gusaba inama idasanzwe yoshimikira ku kibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda nk’uko yari yarabisavye mu misi iheze.

Twokwibutsa ko iyo nama yari yateguwe ubwa mbere kuzokorana kuwa 30 Munyonyo hama yungururizwa kuwa 27 Kigarama bivanye n’uko Uburundi butari bwarose akanya gahagije ko kuyitegurira yamara naho nyene ntiyashobora kuba ica yungururizwa ikindi gihe kitari bwamenyekane yamara ubu kikaba camenyekanye ko ari kw’igenekerezo rya 1 Ruhuhuma umwaka w’2019.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 758