East Africa NewsEntertainmentkirundimusic

Tanasha yishuye wamubajije nimba azoririmba ku guhebana kwiwe na Diamond

Naho bivurwa ko abavyeyi ba Nasibu Junior batakivuga rumwe, bivuye kuko ngo harimwo umwe yoba yaciye inyuma uwundi, kandi ko umwe muribo ngo agiye kugira ico ashikirizako abicishije mu ndirimbo, hari abandi batanguye kwamama.

Mu gihe Tanasha abandanya atera amabuye mu mwijima akoresheje urubuga rwiwe rwa Instagram, aho aguma avuga abantu ariko atadomako urutoke, kandi akaba akiva muri Tanzania yari yamenyesheje ko agiye kuvuga mu ndirimbo ivy’ubuzima bwiwe. Umwe mu bamukurikirana yamusavye kutavuga ku guhebana kwiwe na Diamond.

Nawe akoresheje urubuga rwiwe rwa Instagram nyene, Tanasha yavuze ko bitazigera bishika yaho avuga ivy’ukwo gutandukana kwabo. Aho ni mu gihe abatari bake arivyo nyene bari bashaka kwumviriza mu ndirimbo yiwe, ubona ko yari yanabamenyeshe acishije kuri urwo rubuga nyene ko ari muri Studio hari ico ariko ategura.

None yoba ari inkinamico, ko baheruka no gusohorana indirimbo? Canke kwoba ari ukuri bamaze guhebana. Ukuri kuragoye kumenya, ariko ikizwi co nuko umwanya uzotanga inyishu kuri ivyo bibazo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 556