East Africa NewsEntertainmentkirundimusic

Tanasha yajanywe mu minwe kwa Diamond n’ukurondera kumenyakana

Amakuru ku bijanye n’ugutandukana kwa Diamond na Tanasha abandanya aboneka avuye hirya no hino. Ayo dukesha umwe mu bantu begereye WCB avuga ko ugutandukana kwabo ngo kwoba kwavuye ku ruhererekane rw’ibiteramo Diamond ariko arakora muri kino gihe.

Ayo makuru abandanya avuga ko uburongozi bwa WCB bwoba bwankiye umukunzi wa Diamond, Tanasha, kumuherekeza umukunzi wiwe muri urwo ruhererekane rw’ibiteramo ariko akorera ku mugabane wa amerika, hamwe n’urwo ku mugabane wa buraya.

Uwo muvyeyi w’umwana wa Diamond akaba ariko bikavurwa ko yoba atashaka kumuhereza nk’umukunzi wiwe, ariko ngo yoba yashaka kumuherekeza nk’umuririmvyikazi, noneho nawe aronke akaryo ko kuririmbana kuri Stage imwe mu gihe azoba ariko aririmba.

Ivyo ngo uburongozi bwoba bwaravyanse nkuko ayo makuru dukesha uwo muntu abegereye abivuga, ico ngo kikaba arico rero yoba ari intandaro y’induru iri hagati yabo. Ubona ko na Diamond atabarizwa muri Tanzania.

Uwo muntu yegereye Diamond akaba avuga ko Tanasha yazanywe mu minwe ya Diamond n’ukurondera ukumenyekana, ari naco gituma yoba yari yanashatse ko baririmbana mu rubanza rwo gushira ahabona EP yiwe.

Ivyo ariko bikaba bije vyiyongera ku vyavuzwe bijanye nuko boba batandukanye kubera hari umukobwa boba basigaye bagendana na Diamond. Uwo nawe ngo s’uyundi n’umukobwa w’umunya Nigeria bakoresheje mu masanamu y’indirimbo yiwe nshasha, uwo mwigeme bikavurwa ko ariko we bariko barazungurukana muri ivyo biteramo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 556