Burundihomepagekirundipersonal developmentUrwevuyouth

#Urwevu | Urashoboye! Ubwoba bw’ubukene ni kimwe mu nzitizi ufise. Raba umuti!

Isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Nk’uko tubisoma mu gitabo citwa Think and Grow Rich , canditswe na Napoleon Hill, turasanga mu rutonde rw’ibituma umuntu ataronka ingoga zikwiye kugira ashike kuvyo yifuze, harimwo ico yise ” Fear of Poverty, nk’uko twobivuga mu kirundi duti Ubwoba bw’ubukene.

Ubwo bwoba bw’ubukene bwoba butubera inzitizi gute?

Abahinga baramenyesha ko hari ibintu vyinshi twari dushoboye gukora mugabo tukaba duheza tukumva ivyiyumviro bitubwira y’uko iyo nzira itodushikana ko matungo twifuza, canke ko itoshobora kudukura mu bukene. Ugasanga rero gutyo ubwonko ntibuhejeje ngo bukuronse inguvu zikwiye kugira ngo ushiremwo umutima wawe wose gushika aho woshika ku masonga.

Kumbure, Imana yaraguhaye ingabirano runaka, kandi woyikorerako , ukiha igihe, yoteba ikagushikana kure. Ariko yamara, kubera ufatiye ku bigukikije maze ukaba ntubona uburorero bw’abandi bakoze ivyo bagashika kure, uraheza ugaca wibwira ngo kwoba ari nk’uguta umwanya.

Mu kiringo rero ugerageje kwinanata, uraheza ukabura ingoga kuko haca haza ivyiyumviro vyinshi mu mutwe bisa n’ibikubera inzitizi eka mbera ugasanga hari n’abari mu mbavu zawe baciye baza barakubwira ko wafashe inzira idashika.

Yamara, abahinga baguhanura ibi: Fata ikintu wumva ukunda, kandi ubona wokora neza. Naho muri iki kiringo utoba ubona uko wogikuramwo amafaranga uko uvyifuza, mu kiringo woshiramwo ukwemera gukwiye, ukarara ntibuca, ugashiramwo umutima wawe wose, hazogera aho abo utangura gusayangana.

Mu buryo bw’impwemu worwana n’uwo Goliati gute?

Mu vyo tugutororokaniriza hirya no hino bijanye n’ukurwanya iyo misozi iza igahanama mu vyiyumviro maze ikabuza we muri wewe nyene uguhaguruka ukaba wewe nyene, turaheza tugasanga ababigenderereje baheza bakamenyesha ko ushobora gukoresha Psaume 03  kugira maze wiyamirize ivyo bishobisho binyuranye n’ikayangana ryawe. Mu kiringo uriko urayivuga uraheza ukamenya ko abansi uriko uravuga atari abantu, ariko uriko uravuga nyabuna ivyiyumviro bibi bikubuza guhaguruka.

DUTEGEREZWA GUSHIKA KU MASONGA. NTA EXCUSES YEMEWE!

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765