BurundiHealthhomepagekirundi

Zimwe mu ngingo zaraye zifashwe mu ntumbero yo kwikingira Coronavirus

Ku mugoroba wo kuri uyu wa kabiri waraye uheze, igenekerezo rya 16 Ntwarante 2020, umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya SIDA Thadée Ndikumana yarakoranije abanditsi n’abamenyeshamakuru abamenyesha ingingo ubushikiranganji aramutswa bwafashe mu ntumbero yo gukinga ikiza ca coronavirus nticinjire mu gihugu cacu.

Umushikiranganji Ndikumana amenyeshako kuva kw’igenekezerezo rya 17 Ntwarante 2020, ingenzi zose hamwe n’abarundi bavuye mu bihugu vy’Ubwongereza, Leta zunze Ubumwe za Amerika na Ostraliya zizoshikira mu kibanza co kuzisuzuma. Izo ngenzi zikaba zongewe mu bategerezwa kumara imisi 14 basuzumwa mu kibanza categekanirijwe ico gikorwa. Iyo ngingo ikaba ije yiyongereye ku yari yafashwe ku ngenzi ziva mu bihugu vy’Ubushinwa, Koreya y’epfo, Irani, Ubutariyano, Ubudagi, Ubufaransa, Ubuyapani, Esupanye no  mu bindi bihugu vya buraya.

Ubushikiranganji bwo kubungabunga  amagara y’abantu busaba bushimitse ko ingenzi n’abarundi binjiye mu gihugu baciye ku kibuga c’indege ca Bujumbura canke ku mipaka yose yinjira mu gihugu baba abaciye mu mabarabara canke mu biyaga, bokworohereza abakozi b’ubwo bushikiranganji bajejwe kubasuzuma.

Nayo kuva aho ngo habonekeye uwurwaye ico kiza mu gihugu kibanyi c’Urwanda, bakiriye abantu 261 kw’igenekerezo rya 15 Ntwarante 2020 bavuye muri ico gihugu bari bagizwe n’abanyeshule, abo mu mashule yisumbuye 75, abo muri Kaminuza 24, abavyeyi babo 132, abahungutse 10 hamwe n’abanyamahanga 20. Abo bose ngo baramaze gupimwa kandi nta n’umwe yagaragaje ikimenyetso c’iyo ngwara ari naco gituma ngo baciye bafata ingingo yo kubakurikiranira mu mihana iwabo hamwe no mu bibanza vyatowe babaye barabacumbikiramwo.

Mu ntumbero yo kubandanya kwikingira ico kiza, umushikiranganji Ndikumana yaboneyeho gusaba abarundi kugabanya ingendo mu bihugu bivurwa ko birimwo abamaze kwandura iyo ngwara

Yaboneyeho kandi  gusaba abanyagihugu gukurikiza amabwirizwa  y’isuku nko : Kwitaho gukaraba amazi meza n’isabuni, gutegekanya amazi n’isabuni vyo gukaraba ku mavuriro, ibitaro n’ahandi hahurira abantu benshi ( amashure, ibibuga vy’inkino, ibiro, amasengero, amahoteri, uburiro, ubunywero, amasoko, …). Ashikiriza ko muri ibi bihe bitoroshe vyo kwikingira ikiza ca coronavirus nticinjire mu gihugu cacu, umugenzo wo kuramukanya bakorana mu minwe canke bagwana mu nda woba urahagarikwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764