footballHealthhomepageWorld News

Umumenyereza wa Athletico Portada yahitanwe na Coronavirus

Kuri uyu wa mbere waraye uheze igenekerezo rya 16 Ntwarante 2020, niho umumenyereza w’umugwi wa Athletico Portada Alta Florida Gracia wo mu gihugu ca Espagne yitavye imana ahitanywe n’ingwara ya Coronavirus .

Gracia w’imyaka 21 yahora amenyereza umugwi w’abakiri bato wa Atletico Portada Alta uri mu gisagara ca Malaga kuva mu mwaka wa 2016.

Bikavugwa y’uko yitavye Imana ningonga ahitanywe na Coronavirus bivanye n’uko yari afise ingwara ya Cancer .

Abantu bashika kuri 300 nibo bamaze kwitaba Imana mu gihugu ca Espagne kuva aho ikiza ca Coronavirus gitanguye kwibonekeza.

Gracia ashobora kuba ariwe muntu wambere akiri muto kw’isi ahitanywe n’iyo ngwara.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 808