BurundihomepagekirundiPolitique

#BurundiSpox| Indamutso y’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza

Kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 20 Ntwarante 2020, haramutse haba ikiganiro c’abavugizi b’inzego zitandukanye zigize igihugu aho bishura ku bibazo bitandukanye vy’abamenyeshamakuru n’abanyagihugu.

Nk’uko bisanzwe ico kiganiro cama cugururwa n’ijambo ry’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza.

Muri iryo jambo, umukuru w’igihugu yagarutse ku kiza ca Coronavirus kimaze imisi giteye isi aboneraho guhimiriza abanyagihugu gufata nkama impanuro n’inyigisho z’abajejwe amagara y’abantu gutyo tubone kuzitira tutaronerwa.

Arashimira kandi abama na ntaryo bitanga kugira ngo amahoro n’umutekano bibandanye bisasagara mu Burundi.

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ahamagarira kandi abanyagihugu kwijukira amashirahamwe n’amakoperative na kare tubiri tuvurana ubupfu. Yaboneyeho kandi kubibutsa ko amafaranga baheruka guhabwa ko atari imfashanyo ahubwo ari ingurane bategerezwa kuzosubiza kugira ngo n’abandi bashikirwe gutyo iterambere ribone gushwara hose.

Muri kino gihe twimirije amatora, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ahamagarira abarundi kwama barikanuye ntihagire uwobaca mu ryahumye. Nayo ku bazoba bariko barahiganwa mu matora, Perezida Nkurunziza abahamagarira kwirinda guterana amajambo atyozanya kuko abantu n’imigambwe birahera yamara Uburundi bwo buzokwamaho.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764