HealthhomepagekirundiWorld News

Wuhan igiye gutezurirwa kugira abantu bidegemvye

Igisagara ca Wuhan mu bushinwa kizwiko kuba arico catanguriyemwo ikiza ca Covid-19 kiriko kirasasika inganda kw’isi, ngo kigiye gutezurirwa kugira abenegihugu bafise amagara meza bagiye kurekurirwa gutembera mu bindi bisagara bigize intara ya Hubei gisanzwe kirimwo.

Ukwo gutezurirwa kukaba kugiye kuba inyuma yaho bamaze imisi ata muntu abonetseko iyo ngwara. Nayo mu bushinwa hose hakaba habonetse abantu 17 mu misi ya nyuma, abo nabo benshi bakaba bari bazananye mu mahanga.

Ukwo gutezurirwa kuzoba kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 4 Ndamukiza(4), kukazoba mu gihe ibindi bihugu nk’ubutariyano burushaho kubura abantu ku bwinshi, kuko bageze ku bagera 5000 bamaze guhitanwa n’ico kiza, barimwo abashika 500 bitavye Imana kuri uyu wa mbere.

Ibindi bihugu birimwo ivyo duhana urubibe navyo bikaba bibandanya kubonekamwo abagwaye iyo ngwara, hamwe n’ugufata ingingo zikomeye ngo bahagarike ugukwirakwizwa kw’iyo ngwara muri ivyo bihugu. Yaba Urwanda, Congo co kimwe na Tanzania bose bakaba baramaze kwugara imipaka, Urwanda rwo akaba ata gakacira mu mabarabara kuko basavye abantu kuguma mu mazu yabo, uwutabikurikijwe agahanwa birimwo n’ukumufunga.

Gushika ubu abarenga ibihumbi 300 kw’isi bakaba bamaze gufatwa n’iyo ngwara, nayo abarenga 17,000 bakaba bamaze kwitaba Imana, barimwo 1 w’umunyecongo aheruka kwitaba Imana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755