BurundiHealthhomepagekirundisociete

Abahora baca mu nzira zitazwi n’amategeko bahamagarirwa kubiheba

Mu ntumbero yo gukinga kugira ikiza Coronavirus nticinjire mu gihugu cacu, abanyagihu baba mu makomine y’intara ya Cankuzo ahana urubibe n’igihugu ca Tanzaniya basabwa guhagarika kuja muri ico gihugu baciye mu nzira zitazwi n’amategeko.

Ako kamo bakaba bagaterwa na buramatari w’iyo ntara ya Cankuzo, umushingantahe Désire Njiji inyuma y’aho mu gihugu ca Tanzaniya habonekeye abantu bamaze kumenyekana ko bafashwe n’ikiza ca coronavirus, gihanze isi.

Buramatari Désire Njiji asaba abanyagihugu bo mu Cankuzo binjira bavuye muri ico gihugu guca ku mbibe zizwi n’amategeko nka Gasenyi yo muri komine Gisagara hamwe na Gahumo yo muri komine Mishiha kugira bagirirwe ibipimo baba binjiye canke basohotse Uburundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765