East Africa NewsEconomyHealthhomepagekirundisociete

Ibihugu bigize umuryango EAC vyatanguje isekeza ryo kurwanya umugera wa Corona

Ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko EAC (East Africa Community) vyaraye bitanguje isekeza ryo kurwanya umugera wa Corona, iryo sekeza rikaba ritegurwa kuzoba kuva kw’igenekerezo rya 25 Ntwarante gushika kw’igenekerezo rya 7 Ndamukiza uno mwaka turimwo w’2020.

Ivyo akaba ari ivyaraye bishikirijwe na Victor Burikukiye asanzwe arongoye umurwi w’abashingamateka b‘abarundi mu nama nshingamateka igize ibihugu vy’ako karere mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 25 Ntwarante 2020.

Victor Burikukiye avuga ko iryo sekeza rizokorwa mu mice ibiri harimwo kuraba ingaruka y’ingingo zimaze gufatwa mu bihugu vy’uwo muryango zijane n’urudandazwa mpuzamakungu hamwe no hagati y’uwo muryango.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 760