Burundihomepagekirundisecuritysociete

Amafaranga arenga imiriyoni 3 na ngendanwa 18 nivyo vyaraye vyibwe

Amafaranga y’amarundi arenga gato imiriyoni 3 hamwe n’amaterefone 18 ivyo nivyo vyibwe n’abasuma bitwaje ibigwanisho mw’ijoro ryakeye kuri uyu wa mbere ku mutumba Rugenge muri komine Mpanda intara ya Bubanza.

Amakuru ava aho mu Rugenge akemezwa na musitanteri w’iyo komine avuga ko abo basuma, imbere yo kubomora imiryango y’inzu no gutegeka abo basanze mu nzu kubaha amafaranga yose bafise, babanje kuboha abanyezamu. Imihana 3 ikaba ariyo yasahuwe.

Abanyagihugu bo mu Rugenge bavuga ko bararanye ubwoba bivuye ku masasu yaraye arahumvikanira. Mu ntwaro no mu giporisi bamenyesha ko amatohoza yatanguye.

 

 

[radioforge url=”http://97.74.237.73:8000/indundiradio” skin=”radiovoz” codec=”mp3″ radiotype=”icecast” introurl=”” welcome=”Welcome to Indundi Radio” autoplay=”true” lang=”auto” buffering=”5″ volume=”60″ width=”800″ height=”600″ title=” Indundi Radio” artist=””]

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765