BurundiEast Africa NewsHealthhomepagekirundi

Coronavirus: Tanzaniya abarwayi baza bageze kuri 46.

Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu muri Tanzania

Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu aho muri Tanzania yamenyesheje ko abagera 14 baraye biyongeye ku gitigiri cari gisanzwe ari 32 c’abarwaye ico kiza.

Bose rero ngo baciye bakwira abagera 46.

kuva ico kiza kibateye, abashika indwi ngo nibo bamaze gukira, nayo abagera batatu bakaba bamaze kwitaba umuremyi. Twokwibutsa ko ico gihugu kibanyi kiza carafashe ingingo y’ukwugara amashure hamwe n’ukubuza amakoraniro y’ubwoko bwose ukuyemwo amasengesho.

Akamo kabandanya gaterwa abanyagihugu b’ico gihugu nyabuna ngo babe magabo, birinde ivyo vyose vyotuma ico kiza gisasika inganda na narirya cigenza nk’umuriro wa nyakanga wihweje uburyo gishobora kwandukira.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765