Burundihomepagekirundi

Ikibuga c’indege mpuzamakungu Melchior Ndadaye kibandanya cugawe

Ubushikiranganji bwo gutwara abantu n’ibintu bumenyesha ko ikibuga c’indege mpuzamakungu Melchior Ndadaye c’i Bujumbura kibandanya cugaye gushika hafashwe izindi ngingo mu ntumbero yo gukinga ko ikiza Coronavirus corandagata mu gihugu.

Ivyo tubisanga mw’itangazo ryasohowe kuri uyu wa gatanu waraye uheze igenekerezo rya  17 Ndamukiza 2020 n’ubwo bushikiranganji bugirako bwibutsa ko iyo ngingo iterekeye indege zizana ibidadazwa n’ibindi bita cargo, izitwara abarwayi (évacuation sanitaires) izogufasha (vols humanitaires) hamwe n’izitwara abategetsi batandukanye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764