BurundihomepageJusticekirundi

Abahora baja ku Nyambeho kuhibukira ababo bagandaguwe mu 1972 ntibakibibukiyeho

Umugwi w’igihugu wigenga ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha abarundi CVR, usaba amashirahamwe akunda kwibuka ababo bagandaguwe mu 1972, bagahambwa mu binogo rusangi biri ku mutumba Gisuru ku ruzi Nyambeho muri komine Giheta intara ya Gitega, ko uyu mwaka batohaja kuko uwo mugwi uriko urafurura ivyo binogo.

Pierre Claver Ndayicariye aramutswa uwo mugwi abishikirije, mu gihe kuri uyu wa gatandatu ariho abari mw’ishirahamwe ry’abacikacumu bo mu 1972 n’inyuma yaho bazokwibuka ababo ku ncuro ya 28 aho ku ruzi Nyambeho.

Muri iryo shirahamwe bavuga ko uyu mwaka babibwiwe kandi ko ibirori bizobera ku Ruvubu ku mutumba Bukirasazi aho umugwi CVR wahejeje gukorera.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764