Burundihomepagekirundi

Sat-B yagomwe n’umu Candidat Dieudonné Nahimana ngo amumenyekanishe mu matora

Mu gihe abitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu uno musi wa mbere igenekerezo rya 27/4 baramutse batangura kwiyamamaza, abazobafasha mu kubamenyekanisha batanguye kumenyekana.

Inyuma ya Dr Claude yakoze indirimbo zihayagiza umugambwe CNDD FDD, umuririmvyi Sat-B nawe yamenyesheje ko yagomwe na Nahimana Dieudonné asanzwe ari mu bigenga bariko bahiganirwa ikibanza c’Umukuru w’igihugu ngo azomumenyekanishe muri ano matora.

Akoresheje urubuga rwiwe rwa Facebook, Sat-B yashizeko ishusho yiwe arikumwe n’uwo yigenga muri ano matora, ari naho yamenyesheje ko ariwe yagomwe ngo azomufashe muri ano matora mu kumumenyekanisha.

Yagize ati : “Ibihe vy’amatora kenshi mu bihugu biteye imbere kw’isi usanga abateye imbere mu vyiyumviro bafata ibisanzwe kuba umuririmvyi yokorera agafaranga mu kwamamaza umu candidat runaka. Twebwe tukaba twaragomwe na Dieudonné Nahimana kumumenyekanisha ni umu candidat yigenga.
Ni nkuko n’uwundi wese mu candidat arekuriwe kutwitura igihe cose azoba adukeneye kuko natwe twigenga. Murakoze.
#kazinikazi #burundielection2020 #weloveburundi ”

Nahimana Dieudonné akaba asanzwe ari umwe mu bamaze igihe kitari gito akorera mu gisata c’urwaruka, kuko ari umurongozi akaba kandi n’uwashinze ishirahamwe New Generation risanzwe rifata mu mugongo urwaruka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764