activity-at-messagedutwengeEntertainmenthomepagekirundi

Donath ngo Comedie imaze kumuha ibituma abandanya kwiteza imbere

Donath ngo naho akina amareresi abatari bake bakabikunda, kandi nawe akaba abikunda, ngo ntabanye neza n’umuvyeyi wiwe kuko we atavyerekwa. Ivyo n’ivyo aheruka kuyagira imboneshakure indundi Tv mu kiganiro yagiranye na Mr T.

Muri ico kiganiro uwo mukinyi w’amareresi avuga ko yatanguye gukina akina amareresi asanzwe, ariko mu nyuma atangura gukora amwe asanzwe atwenza. Agitangura ngo ntivyari vyoroshe kuko yarasanzwe avuga ikinyarwanda cinshi, gutyo ngo bamwe bakamwirandisha cane.

Amaze gutangura gukina ay’abatwenza, ngo vyafashe umwanya muto ngo abantu batangure kumukunda, niko guca afatirako, none ngo ubu biramutunze we n’abiwe. Ivyo akaba abivuga yisunze ko ngo mu mareresi ya Comedie amaze kuhakura umutahe abasha gukoresha mu bindi bikorwa vyo kwiteza imbere.

Yagize ati : “ Nta modoka mfise, nta nzu, mugabo ndafise ikintu c’amatafari, ndabumbisha. Ndonse ku kwezi ndabumbisha, ngaturira, nkagurisha.”

Uwo mukinyi yanahavuye avuga ko abantu batanguye guha agaciro uwo mwuga, igituma nuko basigaye baziraba, mbere n’abazikina bakabagumana mu mitwe, kuko bashobora kurabana, ukabona baragutunze intoke. Yanaboneyeho akaryo ko gusaba umuvyeyi wiwe atavyerekwa kumwihanganira, kuko ari umwuga akunda.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769