homepagekirundipoliticsPolitique

Amatora yo mu 2020 : CNL : Imigabo n’imigambi ya Rwasa Agathon

Imigabo n’imigambi ya Agathoin Rwasa amenyesha ko yorangura mu gihe yokwizerwa n’abarundi akaba umukuru w’igihugu ishingiye ku bintu bikuru bikuru bikurikira :

Guteza imbere uburimyi n’ubworozi, kunagura indero mu mashure yaba matomato, ayisumbiye na kaminuza, aho nk’akarorero avuga ko azogarukana uburaro mu mashure yisumbuye.

Agathon Rwasa kandi ashira imbere ukunagura ibisata vy’ubuvuzi n’amagara y’abantu, gutunganya ibisagara n’uburaro, amasoko ntanganguvu, ubutare n’agataka, kwiyunguruza no kwunguruza abantu n’ibintu, intwaro ibereye, imigenderanire, ubutunzi, ibidukikije, be no kwitaho no gukomeza inzego z’umutekano.

Tubibutse ko Agathon Rwasa arongoye umugambwe Congrès National de Liberté, CNL, inyuma y’igihe kitari gito yatswe uburongozi bw’umugambwe FNL.

Yavukiye muri komine Kiremba y’intara ya Ngozi mu mwaka wa1964. Mu 1988 biturutse ku bwicanyi bwa Ntega na Marangara, yararokotse ahungira mw’ikambi ya Kirwa iri mu ntara ya Tabora muri Tanzania, ari naho yinjiriye mu muhari PALIPEHUTU wari washinzwe na Rémy Gahutu mu 1980, uja guhinduka PALIPEHUTU-FNL mu mahinduka yabaye muri uwo muhari mu 2001, amahinduka yatumye awurongora asubiriye uwari umukuru wawo, Cossan Kabura.

Agathon Rwasa mu nyuma yinjiye mw’ishami rya gisirikare rya FNL ryegukira PALIPEHUTU, ari naho yahavuye aja ku rugamba rwashirwa imbere na PALIPEHUTU.

Inyuma y’aho atahiye mu gihugu mu 2008 inyuma y’ibiganiro na PALIPEHUTU-FNL, Agathon Rwasa yarongoye umugambwe FNL kuva mu 2009 gushika mu 2010 inyuma y’aho umuhari PALIPEHUTU-FNL uhinduriye izina kugira ngo wisunge amategeko y’Uburundi abuza imigambwe ishingiye kw’ivangura. Muri ico gihe yahawe kurongora ishirahamwe INSS ryo kuziganiriza kazoza abakozi.

Inyuma y’amatora yabaye mu 2010 Agathon Rwasa yarahunze yagiriza Reta ko yashaka kumugandagura kubera yiyamirije ivyari bihejeje kuva muri ayo matora, ariko yakwa uburongozi bw’uwo mugambwe mu buryo burimwo igipfungu, uhabwa Jacques Bigirimana.

Amaze kugaruka mu gihugu mu 2013, Agathon Rwasa yinjiye mu nama nshingamateka mu matora yo mu 2015. N’aho urunani Amizero y’Abarundi rwari ruhurikiyemwo abigenga rutagiye muri ayo matora, Agathon Rwasa n’abiwe bafashe ingingo yo kwinjira mu nama nshingamateka.

Inyuma y’ugukwegana amashati hagati y’ubushikiranganji bw’intaro yo hagati nawe ku kibazo c’ugushinga umugambwe, ku wa 14 z’ukwa kabiri 2019 umugambwe wiwe CNL wahavuye wemererwa gukorera ku mugaragaro.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755