BurundihomepagekirundiSécurité alimentaire

Iki nico catumye imbuto z’ibiraya zibura mu ntara ya Muramvya

Imbuto z’ibiraya zirakenye mu ntara ya Muramvya isanzwe irimwamwo cane ico giterwa, mu gihe irima ry’aco risa n’iryatanguye.

Ivyo bikaba ari ibishikirizwa na bamwe mu barimyi hamwe n’uwurongoye igisata co gukwiragiza inyigisho z’uburimyi mu biro bijejwe kuraba ibidukikije, uburimyi hamwe n’ubworozi muri iyo ntara ya Muramvya.

Uwo arongoye igisata gikurikirana inyigisho z’uburimyi mu biro bijejwe ibidukikije, uburimyi hamwe n’ubworozi mu ntara ya Muramvya amenyesha ko ico bivako ari imvura yabaye nyishi yatumye umwimbu w’ibiraya wo ku gatasi gaheze uba muke cane. Ikandi biriko biravako ngo ni igitigiri c’abagwizambuto muri iyo ntara ya Muramvya kikiri ku rugero rwo hasi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764