HealthhomepagekirundiWorld News

Uburusiya buzokwubaka mu ndwi 3 ibitaro bizokwakira indembe 630

Uburusiya nabwo ngo buriteguye bihagije guhangana n’ikiza ca Corona Virus ari nka hamwe kibandanije gikomera. Ivyo bikaba bishikirizwa n’icegera c’umukuru wa Moscou ari nawe ariko arakurikirana iyubakwa ry’ibitaro binini gose bizokwakira abagwayi benshi b’ico kiza.

Ivyo bitaro vyatanguye kwubakwa kuko ibitaro, Du Kommunarka, vyari bisanzwe vyakira abagwaye iyo ngwara ngo bisa nkaho biriko birarengerwa kuko bibandanya vyakira buri musi abandi bashasha. Nayo ibitaro bito bito vyo bikaba bibandanya kwuzura.

Ivyo bitaro bishasha bizoba biri ku birometero 70 uvuye ku mugwa mukuru Moscou, bikaba bizokwakira ibitanda 650 vy’indembe (Réanimation), hamwe n’abanganga 1300 bazohakorera. Ivyo bitaro bikaba bizotangwa mu ndwi 3 gusa, ubu hakaba hariko hakora abakozi 11.000, bagakora amasaha 24.

Umuganga mukuru, Dennis Protsenko, w’ibitaro vyari bisanzwe vyakira abo bagwayi yamenyesheje Poutine aho yagendera ivyo bitaro igenekerezo rya 26 ntwarante ko bariko bitegura kugira uko vyogenda kwose babashe gufasha abazoba bagwaye. Aho akavuga ko ari nka hamwe babandanije barwira nko mu butariyano canke baciye bagabanuka nko mu bushinwa ngo bazobe biteguye.

Aho mukamenya ko umugwa mukuru, Moscou, wonyene uharugwamwo abagwayi barenga 8000, nayo abamaze kwitaba Imana bakaba barenga 50, kw’130 Uburusiya bumaze kubura.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755