homepagekirundi

DRC igiye yashizeho ikori ku bakoresha uduhamagazo bose

Muri congo iharanira intwaro rusangi bagiye gusaba ikori ku materefone akoreshwa. Ayo makori akaba azoba ari hagati y’ 1$ n’7$ bivanye n’agahamagazo umuntu akoresha.

Itegeko ry’umushikiranganji wa mbere muri ico gihugu inomero n°20/005 ryashizweko umukono igenekerezo rya 9 ntwarante 2020 rihindura iryari risanzwe rihari ryo mu mwaka wa 2012 ryashizeho amakori azohora arihwa n’abakoresha utwo duhamagazo, ariko bakaba bazobicisha mu mashirahamwe y’ugutumatumanako basanzwe bakoresha.

Kuri Sim Card iri mu gahamagazo gakoresha 2G, izoza irariha amafaranga angana 1$ (yababa 3000fbu) buri mwaka, nayo iyiri mu gahamagazo gakoresha 3G, 4G n’izindi ikaba izohora iriha 7$ (yababa 21,000 Fbu) ku mwaka.

Abasanzwe batwara ayo mashirahamwe ariko bakaba bidogera iryo tegeko kuko bavuga ko rizotuma hagabanuka uburyo bahora binjiza “Chiffre d’affaire”, n’amakori bahora batanga muri leta ya Congo.

Ivyo ngo n’ibije vyiyongera ku buremere ico gisata cari gisanzwe cikoreye gihagaze ku makori akatwa uduhamagazo twinjizwa muri ico gihugu, aho basaba 40% y’uko ako gahamazo kaba kaguzwe. Bakabona ko bizoca bituma abakoresha ubwo buhinga bagabanuka, co kimwe n’abakoresha Network “Data”.

Iryo tegeko rikaba ngo rizotuma nkuko amakuru dukesha ikinyamakuru 7sur7 co muri congo abivuga habaho igihombo c’amafaranga angana n’imiliyoni 100 z’amafaranga y’amanyamerika (100,000$) buri mwaka. Bakibaza aho azoja canke ico azokora, nkuko vyashikirijwe n’umwe mu bakomeye mu gisata kijejwe kugenzura itumatumanako muri ico gihugu ariko atashimye ko bamuvuga.

Ico gihugu kikaba kibishikirije inyuma yaho muri Ouganda naho nyene bashiriyeho nabo ikori ricibwa uwukoresha Internet wese muri ico gihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755