footballhomepagekirundi_Sports

# Indundi Sports | Willian mu nzira yokwerekeza muri Arsenal

Umugwi wa Arsenal niwe ufata ikibaza ca mbere mu migwi iriko ihiganira kugura umukinyi w’umunya Brazil Willian akinira umugwi wa Chelsea ivyo bikaba vyavuzwe ni kinyamakuru ESPN.

Bikavugwa y’uko Willian yananiranye kwumvikana n’umugwi wa Chelsea kugira abandanye awukinira .

Liverpool nawo ukaba uri mu migwi uriko ukirikirana hafi uyo mukinyi Willian kugira urabe y’uko womugura mu kwezi kwa Ruheshi igihe igura n’igurishwa rizoba ry’uguruwe .

Mukamenyako Willian atakironka umwanya wo gukina mu mugwi wa Chelsea usanzwe umenyerezwa na Franck Lampard .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 846