Inyuma yo kugaruka neza ndetse akemeza ko agiye gukora ibikorwa ubudasubira inyuma umurirumvyikazi Linah Blanche abandanya akora bidasanzwe vyerekana neza ko yipfuza iterambere kumuziki ndundi ndetse no mubigeme na cane cane nkuko yavyivugiye mubiganiro yagiye arakora
Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 29 Ndamukiza 2020 ,niho uwo muririmvyikazi yandika abicishije kumbuga ngurukana bumenyi ziwe aho yahaye ubutumwa bugifi abakunzi biwe ndetse n’abakunzi b’umuziki ndundi muri rusangi aho yagira ati:“Jewe na Bantubwoyent257 dushaka kumenyesha abafans b’umuziki wanje yuko tugira turekure Album yanje yambere yiswe ‘STRONG WOMAN’ kuruyu wagatanu itariki yambere Mai 2020 kumbuga zigurisha imiziki mumakungu. Ntimutangwe…”
Ayo niyo Linah Blanche yanditse inyuma yokwerekana inyota yo kubura ugushigikirwa n’amasamirizi ndetse n’ibimenyesha makuru mu muziki ndundi akaguma avuga ko abakobwa bahari ariko ibinyamukuru n’amasamirizi baguma bavuga ngo ntabo bakareka kwumvikana kukubura ugushigikirwa (Promotion, Support).
Ikindi mwomenya nuko ashikirije ivyo inyuma yaho aheruka gushira ahabona ururirimbo rw’asohokanye n’amasanamu meza kandi wumva ko rumeze neza rukaba ari ururirimbo yise Sugar.