Entertainmenthomepagekirundi

Linah Blanche we arasobanura neza igikorwa cotuma abigeme batera imbere

Inyuma yo gukora Media Tour y’indirimbo nshasha yise Sugar ,ubu ari mubikorwa vyo kumenyekanisha canke ukudandaza Album yiwe yiseStrong Woman 

Kuri uyu wagatanu igenekerezo rya 01 Rusama 2020,Linah Blanche abicishije kuri Radio Culture mukiganiro Indundi Hits Show yasavye ko abarundi bari hano mu Burundi ndetse n’abari hanze y’igihugu ko bosimbira kumbuga zigurisha umuziki bakamushigikira mukugura canke ukwihera ijisho kuri Album yiwe nshasha yise Strong Woman ariko akanagirako anakangurira abaririmvyi babigeme gukora bitanze kandi bivuye inyuma kugira ngo ibikorwa vyabo bije ahabona cane.

Amwe mumajambo umurirumvyikazi Linah yavuze asa n’ayatandukanye nayo yari yaravugiye mukiganiro yariyarakoze ku Mboneshakure Indundi Tv aho ubona ko ico gihe yasa n’uwurangwa n’agashavu aho yagize ati:

“Jewe ndatangazwa cane n’abantu muguma muvuga ngo abakobwa ntabariko baraboneka cane mu muziki w’Uburundi mugihe jewe nama naronse links zabo kandi numva ari indirimbo nziza kanatsinda ziryoshe, ariko ikibazo gihari nuko hHama havuzwa babandi ukamenga ntabandi baririmvyikazi bahari hano kubutaka b’Uburundi”

Inyuma yaho yongeye kwumvikana kandi ashimira Inzu ya Bantu Bwoy Entertaiment n’uwusanzwe ayihagarariye nka Manager ariwe KIMANA Edith Stein asazwe ari umutambukanyi wa Big Fizzo aho avuga ko bariko baramufasha cane no kugira ibikorwa vyiwe bishike kure hashoboka ko nacane cane yipfuza kugera kure abifashijwemwo n’umuziki akora.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769