Entertainmenthomepagekirundipromoted

Don Brighter ng’ibi ivyo abandanya gukora bishimishije mu muziki wo +257

Inyuma yo kumara imyaka myinshi akora umuziki ariko ibikorwa vyiwe bitabasha kumenyekana cane munyuma akiga uko yokora kugira ateze imbere ikiri muri we (Impano) ubu yaje n’ibindi bidasanzwe.

Ni Don Brighter Kuva aho abonekeye mundirimbo Abatovyi arikumwe na Kidum yagiye aratera intambwe ndetse vyanamwaguriye imbibe z’ibikorwa vyiwe bivanye nuko yavyifashemwo ndetse akabishiramwo umwete wo kugira ngo izina ryiwe rigere kure, akaba yagiye arasohora indirimbo zanatumye Abarundi benshi bamumenya aho ni nka:
●Feelings
●Nionyeshe Ft Amber Lulu (Tanzania)
●African Woman
N’izindi nyinshi zagiye ziramenyekana…

Don Brighter ni umuririmvyi wa Diaspora yamenyekanye cane muri kano karere ka East Africa aho mubintu yagiye arashira imbere ari ijambo DB Music (YAGWA) nayo ikaba ari inzu yashizeho kugira ifashe zimwe mumpano za Diaspora zitabasha gukora ngo zimenyekanishe.Mumajambo yatuyagiye yagize ati:
“Jewe ndi umuririmvyi w’Umurundi ariko hano mumahanga hari Abaririmvyi benshi kandi beza mumpano zabo ariko ikibabaje nuko ataruvugiro ariko jewe nkumuntu ariko aragerageza nariyemeje muri duke mfise ndadusangire n’abandi aho nashizeho ino Label ya D.B Music Entertainment kugira ibashe gufata mumugongo abana b’Abarundi bari hano mumahanga ariko bataronka ingene boshira ahabona impano zabo kandi uko tugomba gukora twipfuza ko twotera imbere tukanayishikana murugo i Burundi kuko naho hari impano kandi nyinshi nziza ariko zitataronka uko zerekana ivyo zishoboye.”

Aho tworangiza tubibutsa ko Don Brighter ubwiwe yishiriye ahabona amazina amaze kuba yinjizwa muri uwo muryango wa DB Music Entertainment (YAGWA) aho twovuga nka:
● Rally Benz asanzwe akora umudiho wa RAP
● Jackson Yusuph asanzwe akora indirimbo zo guhayagiza IMANA.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769